Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa kabiri ko ibiganiro vy’ibanze vyatunganijwe n’ibihugu bicuditse i Vienne muri Otrishiya kuri Irani ari ivyubaka. Ni mu gihe Perezida Joe Biden ariko ararondera inzira yo gusubira mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire, Ned Price, yavuze ko ashimishwa n’uyo mubanano, kandi ari intambuko ishimisha. Yavuze ko ari akaryo keza ko kumenya nimba Irani igiye kwongera kwubahiriza ivyo yiyemeje muri ayo masezerano, kandi ko ibigiye kuzovamwo biha inzira Amerika yo kuyubahiriza.
Ibihugu vya Buraya bicudite na Amerika, Uburusiya hamwe n’Ubushinwa biri mu mubonano Vienne na Irani, mu cizere co kunagura ayo masezerano, ayo uwahoze ari perezida wa Amerika, Donald Trump yakuyemwo Reta zunze ubumwe za Amerika.
Mu gihe Irani yanse kubonana na Amerika imbona nkubone, intumwa ya Amerika, Rob Malley, iriko ibikurikiranira hafi aho iri mu hoteri i Vienne n’abandi badiplomate b’abanyaburaya.
Irani ikeneye ko Perezida Biden ari we atangura guhanagura ibihano vyashizweho na Trump igihe yidohora muri ayo masezerano mu 2018 aca afatira Irani ibihano vy’urukurikirane.
Facebook Forum