Uko wahagera

Uwahoze Arongoye ONU Aratanga Umuti w'Ikibazo muri Myanmar


Uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon i New York, kw'itariki ya 24/09/2019
Uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon i New York, kw'itariki ya 24/09/2019

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon kuri uyu wa mbere yaneguye yivuye inyuma amaraso ariko araseseka muri Myanmar. Asaba akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Aziya y'ubuseruko ryishinze iterambere ry'ubutunzi, ASEAN, kwihuta gukorera hamwe bahagarike amabi ariko akorerwa abanyagihugu.

Ban Ki-moon yabibwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, mu nama yari itumbereye kuraba ingene ONU n’amashirahamwe yo mu karere, nka ASEAN, bokorera hamwe kuri ico kibazo.

Ban Ki-moon, yafashije Myanmar gushika mu nzira ya demokarasi igihe yari umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze ko akibandanya kurondera umuti ku ruhagarara rwa poritike muri ico gihugu. Yavuze ko yasavye uruhusha rwo kugendera ico gihugu ariko yararwimwe.

Ishirahamwe ASEAN ritegekanya inama idasanzwe kuri Myanmar kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa kane muri Indoneziya. Ban Ki-moon yavuze ko iyo nama ikwiye gufata ingingo zirimwo kurungika intumwa muri Myanmar gufasha kugarukana umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG