Uko wahagera

Perezida Biden Asaba Amatohoza ku Bwicanyi bw'i Minnesota


Abaporisi bariko barahangana n'abakora imyiyerekano inyuma y'aho umuporisi arashe akica umwirabure i Brooklyn Center, i Minneapolis. Kw'itariki ya 11/04/2021
Abaporisi bariko barahangana n'abakora imyiyerekano inyuma y'aho umuporisi arashe akica umwirabure i Brooklyn Center, i Minneapolis. Kw'itariki ya 11/04/2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa mbere ko ata nsiguro ihabwa ibikorwa vyo gusahura amamangazini n’imidugararo yadutse ku kigo c’ubudandaji, Brooklyn Center, kiri mu micungararo y’igisagara ca Minneapolis muri reta ya Minnesota. Ni inyuma y’aho igiporisi kirasiye kikica umuntu ku musi w’Imana.

Perezida Biden asaba amahoro n’umutekano nkuko abavyeyi b’umwirabure yishwe, Daunte Wright, nabo basaba.

Buramatari wa reta ya Minnesota yategetse guhagarika uruja n’uruza mu gisagara kuva isaha imwe y’umugoroba gushika isaha cumi na zibiri z’agatondo zo kuwa kabiri mu bice vyose vy’ibisagara vya Minneapolis na St. Paul.

Daunte Wright, umwirabure w’imyaka 20, yishwe inyuma yo guhagarikwa n’igiporisi yagirizwa kutubahiriza amatara yo mw’ibarabara kuwa mungu ku muhingamo.

Igiporisi co muri ako gace ka Brooklyn cavuze ko abaporisi bahagaritse uwo musore, mu nyuma basanga hari hasanzwe umutahe wo kumuhagarika kuko atunze inkoho atabifitiye uruhusha. Igihe igiporisi cagerageza kumufata yaciye yikubita mu modokari arahunga, mu nyuma aca araraswa. Kuri uyu wa mbere, igiporisi cavuze ko umuporisi yamurashe bitari mu mugambi.

Perezida Biden yasavye kuri uyu wa mbere ko amatohoza ari yo azogaragara neza ivyabaye.

Hagati aho, Abategetsi bavuga ko umuntu umwe yishwe arashwe abandi barimwo umuporisi barakomereka kw’ishure ryisumbuye mu gisagara ca Knoxville, mu buseruko bwa reta ya Tennessee.

Igiporisi co muri ico gisagara cavuze ko abaporisi bihuse gushika kur'iryo shure rya East Magnet High School bumvise ko hari umuntu yitwaje inkoho ahari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG