Uko wahagera

Perezida wa Madagascar Yahavuye Aremera Urucanco rwa COVID-19


Iyi foto yo mu kwezi kwa kane, 2020 yarekana abanyagihugu bariko barahabwa ikinyobwa Madagascar ivuga ko gikinga kigakiza COVID-19 i Antanarivo, Madagascar.
Iyi foto yo mu kwezi kwa kane, 2020 yarekana abanyagihugu bariko barahabwa ikinyobwa Madagascar ivuga ko gikinga kigakiza COVID-19 i Antanarivo, Madagascar.

Umushikiranganji wa Madagascar w’amagara y’abantu kuri uyu wa kane yatangaje ko igihugu ciwe cifatanije n’ibindi bihugu mu mugambi wa COVAX, wo gufashisha incanco za Covid-19 ibihugu bifise amikoro make. Perezida wa Madagascar yinjiye muri uyu mugambi we nyene ubwiwe yari amaze amezi anana kwakira izo ncanco.

Perezida Andry Rajoelina yari yarahagaze ku kinyobwa cakorewe mu gihugu ciwe, aho yacamamaje avuga ko ari umuti wa corona. Mu ndwi iheze yavuze ko atihuta gucandaga ku bwinshi abanyagihugu biwe nawe nyene ubwiwe.

Ariko inyuma yo kunebagurwa cane no kugondozwa, yahavuye yisubirako mu ndwi iheze, igihe reta yiwe yavuga ko izorondera no gukoresha incanco za Covid-19.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Jean Louis Hanitrala Rakotovao, kuri uyu wa kane yavuze ko Madagascar yasinyiye kwinjira mu mugambi Covax.

Ni mu gihe Madagascar iriko irarwana no guhwamika igice ca kabiri c’igwirirana ry’abandura, bivanye n’igisanira ca Covid-19 camuka muri Afrika y’epfo kiriko kirarandagata mu gihugu.

Madagascar, izinga ry’abantu bashika imiriyoni 27, imaze kuronka abandura barenga 24 600 barimwo 443 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG