Uko wahagera

Abashingamateka 2 ba Madagascar Bahitanwe na COVID-19


Perezida wa Madagascar Andry Rajoelina ariko arakurikirana ibikorwa vyo gupima umugera wa corona ku murwa mukuru Antananarivo, kw'itariki ya 31/03/2020.
Perezida wa Madagascar Andry Rajoelina ariko arakurikirana ibikorwa vyo gupima umugera wa corona ku murwa mukuru Antananarivo, kw'itariki ya 31/03/2020.

Perezida wa Madagascar Andry Rajoelina kuri uyu w’Imana yavuze ko umusenateri umwe hamwe n’umudepite umwe bapfuye inyuma yo kwandura umugera wa Corona. Yavuze kandi ko hari abandi badepite n’abasenateri 14 banduye uwo mugera.

Madagascar imaze gutangaza abanyagihugu barenga 2 500 bamaze kwandura barimwo 35 wahitanye. Reta yemeza ko abandura bazoba benshi mu mpera z’ukwezi kwa munani.

Muri Afrika y'Epfo, Perezida Cyril Ramaphosa kuri uyu w’Imana yasubijeho amategeko abuza abanyagihugu gutembera mw’ijoro yongera abuza urudandazwa rw’inzoga. Ni mu gihe abandura umugera wa corona muri ico gihugu biyongereye kandi igisata c’ubuvuzi gishobora kurengerwa.

Afrika y’Epfo ni co gihugu kibangamiwe cane kuruta ibindi ku mugabane wa Afrika. Gifise abantu barenga 276 000 bamaze kwandura hamwe n’abarenga ibihumbi bine umaze guhitana.

Ingingo yo guhagarika urudandazwa rw’inzoga muri Afrika y’epfo yari yafashwe mu kwezi kwa gatatu, mu nyuma inzoga zongera kurekurwa kudandazwa kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa gatandatu.

Ramaphoza yavuze ko vyagaragaye ko amasanganya yo mu mabarabara aterwa no kuborerwa yatumye ibitaro birengerwa n’abarwayi, bikabura aho gushira abarwayi ba COVID-19.

Ramaphosa yahagaritse kandi ko abanyagihugu batemberanirana mu miryango kubera ngo bifasha mw’ikwirakwira ry’uwo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG