Uko wahagera

Umuntu wa Mbere Yishwe na COVID-19 muri Madagascar


Isanamu yafashwe kuwa 24/04/2020 yerekana abanyagihugu bahabwa ikinyobwa gikinga COVID-19 i Antanarivo, muri Madagascar.
Isanamu yafashwe kuwa 24/04/2020 yerekana abanyagihugu bahabwa ikinyobwa gikinga COVID-19 i Antanarivo, muri Madagascar.

Igihugu ca Madagascar catangaje kuri uyu w’Imana umurwayi wa mbere yishwe n’umugera wa corona. Uwo mukozi wa mu bitaro w’imyaka 57 apfuye inyuma y’amezi hafi abiri uwo mugera utangajwe ko winjiye muri iryo zinga.

Madagascar imaze kuronka abarwayi 304 kandi Perezida Andry Rajoelina yamamaje ikinyobwa cahinguwe mu giterwa kama ca Artemisia yemeza ko gishobora gukinga no gukiza uwo mugera.

Mu kiganiro kuri televiziyo y'igihugu, Rajoelina yashikirije ko uwo muntu yari arwaye cane ku buryo ico kinyobwa ataco cari kumufasha.

Rajoelina yatangaje kandi kuri uyu w’Imana ko igihe Madagascar izohimbaza imyaka 60 yikukiye mu kwezi kwa gatandatu itariki 26, ico gihugu kizoba kimaze kuronka laboratware igezweho hamwe n’ihinguriro ry’imiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG