Uko wahagera

Madagascar: Abarenga ku Mategeko ya COVID-19 Bakubura Amabarabara


Umukenyezi ahanishijwe gukubura ibarabara inyuma yo kurenga ku mategeko ya COVID-19
Umukenyezi ahanishijwe gukubura ibarabara inyuma yo kurenga ku mategeko ya COVID-19

Igiporisi ku murwa mukuru wa Madagascar, Antananarivo, kiriko gisaba abanyagihugu bava mu ngo zabo kwambara uduhuzu mu maso two kwikingira kwandura umugera wa Corona. Abanyagihugu batavyubahiriza bahanishwa kugira isuku mu gisagara.

Iryo tegeko rishasha ryatanguye gukurikizwa ku munsi wa mbere, kandi abanyagihugu bafashwe bataryubahirije basabwa gukubura amabarabara y’igisagara no gutoragura umwanda.

Igiporisi cashikirije ko abantu bashika 500 bahanwe ku musi wa mbere kubwo guca kubiri n’iyo ngingo, hamwe na 25 baciye bahanishwa gukubura amabarabara.

Gushika kuri uyu wa kabiri, Madagascar imaze kuronka abantu 128 basuzumwe ko barwaye COVID-19, ariko nta n’umwe irahitana kandi 75 baramaze gukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG