Uko wahagera

Ibitaro Vyarengewe n'Abarwayi ba COVID-19 muri Madagascar


Hoton tallafin maganin da madagascar ta baiwa Nijar domin yakar coronavirus
Hoton tallafin maganin da madagascar ta baiwa Nijar domin yakar coronavirus

Abategetsi b’ibitaro ku murwa mukuru wa Madagascar, Antananarivo, bavuga ko ibitaro vyarengewe n’abarwayi b’umugera wa corona. Ni mu gihe ico gihugu cahinguye ikinyobwa gikozwe mu giterwa kama ca artemisia, camamajwe na perezida nk’inyishu kuri COVID-19.

Kugeza ubu, Madagascar ifise abantu barenga 7 500 bamaze kwandura barimwo 65 umaze guhitana.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko icatumye abandura biyongera vyatewe n’uko abantu bafashe ico kinyobwa ariko mu nyuma ntibakurikiza ayandi mabwirizwa yo kwirinda gukoranira hamwe. Buvuga kandi ko gufata ico kinyobwa ciswe Covid-Organics bidahagije kuko gikingira uwugifashe mu kiringo c’indwi zibiri canke zitatu gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG