Uko wahagera

CDC: Incanco za Pfizer-BioNTech na Moderna Zifise Ubushobozi Bunini


Icigwa casohowe kuri uyu wa mbere n’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura ingwara, CDC, cerekana ko inkingo zakozwe na sosiyete Pfizer-BioNTech na Moderna zifishe ubushobozi bunini bwo gukinga COVID-19.

Ico cigwa cakozwe ku bakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu hafi 4 000, abatabara, hamwe n’abandi bakozi ba nkenerwa mu mareta atandatu hagati, y’itariki 14 y’ukwezi kwa cumi na kabiri n’itariki ya 13 y’ukwezi kwa gatatu. Ivyo bitigiri vyerekanye ko amahirwe yo kwongera kwandura yagabanutse gushika ku bice 80 kw’ijana inyuma yo kwiteza urushinge rwa mbere, hamwe na 90 kw’ijana ku rushinge rwa kabiri.

Umuyobozi wa CDC, Rochell Walensky, yavuze ko ibikorwa vyo gucandaga mu gihugu biriko bigenda neza. Ku musi w’Imana abanyamerika barenga imiriyoni 93 bari bamaze kuronswa urushinge rwa mbere kandi abarenga imiriyoni 51 baramaze kuronswa inshinge zose zibiri.

Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika ikurikirana ku musi ku musi uwo mugera, yerekana ko Amerika imaze kuronka abantu 30 308 440 bamaze kwandura uwo mugera hamwe n’abababa 550.000 umaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG