Uko wahagera

Umuhari ADF Wongeye Kwica Abasivile 17 muri RDC


Ingabo za Kongo Zikomeje Guhashya Iza ADF
Ingabo za Kongo Zikomeje Guhashya Iza ADF

Abantu bashika 17 barishwe ku musi wa kabiri mu bitero bitandukanye vyakozwe n’umuhari ADF witwaje ibirwanisho, ukorera mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo. Abategetsi bo mu karere vyabereyemwo babivuze kuri uyu wa gatatu.

Uwo muhari uza imbere y’iyindi irenga 120 ikorera muri ako karere, mu kwica abasivile benshi. Kuwa kabiri niho watera imihana y’i Samboko, Tchani-Tchani na Kapoka, nkuko vyavuzwe na Donat Kibwana, musitanteri w’ako karere.

Iyo mihana itatu yatewe iri mu gace ka Beni-Mbau, mu buraruko bw’intara ya Kivu y’uburaruko, ku rubibe n’intara ya Ituri.

Hambavu y’ubu bwicanyi, Abasivile batanu, barimwo abashoferi babiri hamwe n’abo bari bunguruje, biciwe mu kindi gitero kuri uyu wa gatatu kw’ibarabara ry’i Kasindi rigana ku rubibe rwa Uganda, nkuko abategetsi b’aho babivuga.

Umukuru w’abashoferi muri ako karere, Kambala Bashinde, yavuze ko imodokari zibiri zunguruza abantu zaguye mu mutego w’abo barwanyi zaraturiwe.

Kuwa gatanu w’indwi iheze, ONU yavuze ko iyongerekana ry’ibitero bikorwa na ADF kuva mu ntango z’uyu mwaka ryahitanye ubuzima bw’abantu 200 n’abandi 40 000 bataye ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG