Raporo yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bifungurwa n’uburimyi, FAO, ifatanije n’ishami rya ONU ryita ku bifungurwa, PAM, iragabisha ko abantu barenga imiriyoni 174 kw’isi bashobora kwicwa n’inzara mu gihe amakungu atohaguruka ngo abafashe.
Iyo raporo ivuga ko abari hejuru mu babangamiwe bari mu bice cumi vyatohojwe kw’isi. Ibihugu biza imbere y’ibindi ni Yemeni, Sudani y’ubumanuko n’uburaruko bwa Nijeriya.
Umuyobozi wa FAO i Geneve, Dominique Burgeon, avuga ko bimwe mu vyateye iyo nzara birimwo intambara, hamwe n’ubundi bwoko bw’ubwicanyi, hatibagiwe n’ikiza ca COVID-19.
Mu gihe ibihugu vyinshi bisinzikaye biri ku mugabane wa Afrika, ibindi bihugu nka Afuganistani muri Aziya, Siriya na Libani mu buseruko bwo hagati hamwe na Haiti mu mazinga ya Caraibe vyashizwe kuri urwo rutonde rwo hejuru.
Ibigo vya ONU vyita ku bifungurwa biriko bisaba amakungu gutanga imiriyaridi 5 z’amadolari yo gukinga kugira iyo nzara ntihitane ubuzima bw’abantu.
Facebook Forum