Uko wahagera

ONU Iragabisha Ikiza c'Inzara muri Nijeriya


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko hafi umuriyaridi w’amadolari ari yo akenewe ku kibazo c’inzara ihanze abanyenijerira barenga gato imiriyoni zitanu mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo, OCHA, kivuga ko naho hari ibikorwa vya gisirikare vyo gutuza imihari y’iterabwoba, iyo ntambara ibandanya yica no gukura abanyagihugu mu ngo zabo.

Amashirahamwe ajejwe imfashanyo, afadikanije na reta ya Nijeriya, yaratanguje umugambi wo kugarukira ku banyagihugu mu mwaka wa 2021. Basavye umuriyaridi w’amadolari wo kuzofasha abanyagihugu.

ONU hamwe n’ayo mashirahamwe baratewe ubwoba n’imihari y’iterabwoba muri Nijeriya, bituma ibikorwa vyo gufasha bihagarara.

Izo ntambara zimaze guhitana abantu 36 000 hamwe n’abababa imiriyoni zibiri bahungiye mu bihugu vya Cadi, Kameruni na Nijeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG