Uko wahagera

Reta Nshasha Izoshikana Libiya mu Matora Yatanguye Ibikorwa


Umushikiranganji wa mbere wa Libiya, Abdulhamid Dbeibeh,
Umushikiranganji wa mbere wa Libiya, Abdulhamid Dbeibeh,

Reta ya Libiya yo mu buseruko kuri uyu wa kabiri yahaye ubutegetsi ku mugaragaro, reta nshasha igiye gushira hamwe igihugu catabaguwe n’intambara, kandi ni nayo izogishikana ku matora ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka.

Iyi reta nshasha irongowe n’umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza, Abdul Hamid Dbeibah. Isubiriye reta y’ubumwe yavuye mu mwumvikano yari ifise icicaro i Tripoli hamwe n’iyari ifise icicaro mu ntara ya Cyrenaica kandi itari yemewe n’amakungu.

Dbeibah yarahijwe mu ndwi iheze, inyuma y’aho inama nshingamateka na nkenguzamateka bemereje reta yiwe.

Inyuma y’itangazwa ry’iyo reta kuri uyu wa kabiri, Perezida Emmanuel Macron yaciye avuga ko Ubufaransa bugiye kwongera kwugurura ambasade yabwo ku murwa mukuru wa Libiya mu ndwi iza. Iyo ambasade yari isanzwe yugawe kuva mu kwezi kw’indwi 2014.

Ibindi bihugu birimwo Misiri n’izinga rya Malta biramaze gutangaza ko navyo bifise umugambi wo kwongera kwugurura ambasade i Tripoli.

Ubwo butegetsi bw’imfatakibanza bugiye guhangana n’ibibazo birimwo gushira hamwe inzego z’igihugu, kurangiza intambara zirimwo n’abanyamahanga no gutegura amatora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri itariki 24.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG