Uko wahagera

Abategetsi ba Amerika muri Mexique na Guatemala ku Kibazo c'Abimukira


Abimukira bava muri Amerika yo Hagati berekeza ku rubibe na Amerika. I Palenque, muri reta ya Chiapas, muri Mexique, kw'itariki ya 10/02/2021
Abimukira bava muri Amerika yo Hagati berekeza ku rubibe na Amerika. I Palenque, muri reta ya Chiapas, muri Mexique, kw'itariki ya 10/02/2021

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika mu gisata c’impunzi n’abimukira bafashe ingendo berekeza mu bihugu vya Mexique na Guatemala kuri uyu wa mbere. Bagiye kuganira n’amareta y’ivyo bihugu kugira baronderere hamwe umuti w’ingene bohagarika amasinzi y’abimukira amaze imisi avogera urubibe rwa Amerika.

Ambasaderi Roberta Jacobson, ajejwe kugenzura ibikorerwa ku rubibe rwo mu bumanuko bushira uburengero yarungitswe muri Mexique, mu gihe Juan Gonzalez, umuyobozi mukuru ajejwe akarere ko mu burengero yagiye muri Guatemala. Gonzalez, ariko aganira kandi n’abaserukira amashirahamwe ya sosiyete sivile n’ayategamiye reta muri Guatemala kugira barondere igituma abo bantu bafata izo ngendo.

Mu mezi abiri amaze ku butegetsi, Perezida Joe Biden ahanganye n’ibigwi vy’abimukira bava mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati bagana Amerika baciye ku rubibe rwo mu bumanuko. Abantu bakuze hamwe n’abaza ari imiryango ntibemererwa kwinjira, ariko ibihumbi vy’abana batari kumwe n’abavyeyi baremerewe kwakirwa hisunzwe amategeko ya Amerika.

Igihe yashika ku butegetsi, Perezida Biden yaciye ahagarika ibikorwa vyo kwubaka uruzitiro uwahoze ari perezida, Donald Trump yaharaniye mu bihe vy’imyiyamamazo. Perezida Biden yavuze ko we yipfuza gufata abo bimukira nk’abantu mu buntu bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG