Perezida Joe Biden yasinye amategeko ya perezida atari make kuri uyu wa gatatu atumbereye guhagarika ingingo yabuza ibihugu bigwiriyemwo abayisilamu hamwe n’ivya Afrika kwinjira muri Amerika. Yasinye itegeko rihagarika amafaranga yubaka uruhome ku mupaka Amerika ihana na Mexique no gukomeza gukingira abimukira bazanwe muri Amerika bakiri abana.
Aya mategeko azohanagura ingingo zafashwe n’uwahoze ari perezida Donald Trump muri poritike yiwe yakumira abimukira.
Umuhanuzi wa Biden mu bijanye n’umutekano w’igihugu, Jake Sullivan, yavuze ko poritike zafashwe na Trump ata kindi zamaze atari ugukumira abanyamahanga no kuvangura bishingiye ku madini.
Ikindi agiye kwihutira ni ugusubiza Amerika mu masezerano y’i Paris kw’ihindagurika ry’ibihe no gusubira mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS.
Umugwi w’abategetsi bafasha Perezida Biden bavuze ko ashobora gutegeka ibigo vya reta gusubira gusuzuma amaporitike yorohereza ivangura rukoba, gusaba reta nkuru y’Amerika kudakora ikumirwa rifatiye ku gitsina no guhagarika itegeko rya Trump rikumira abatari abanyamerika kwitabira rusansuma.
Biden kandi ategekanya gushitsa ivyo yemeye vyo gufasha abanyamerika basinzikajwe na Corona, mu buryo bwo kubafashisha amafaranga. Ashobora gusinya amategeko ya perezida arenga 10 mu misi cumi igiye gukurikira, atarinze kurindira kuvyemererwa n’abashingateka.
Abaperezida babiri gusa mu baherutse ku butegetsi mu myaka ya vuba barasinye amategeko ya perezida ku musi wa mbere w’ubutegetsi bwabo, kandi umwe wese yasinye itegeko rimwe gusa. Ariko abafasha biwe bavuze ko Biden ahanganye n’ibihe bitoroshe, ko agiye gukora mu buryo bwo gufata ingingo ziboneka nko gutabara vyihuta.
Facebook Forum