Uko wahagera

Abategetsi Kw'Isi Bakiranye Igishika Umuzo wa Joe Biden


Joe Biden Arahira
Joe Biden Arahira

Abategetsi batandukanye kw’isi bakeje kuri uyu wa gatatu Joe Biden nka perezida wa 46 w’Amerika.

Umuyobozi mukuru w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, Ursula von der Leyen, yavuze ko Ubulayi bwaronse umugenzi muri White House. Uwo mupfasoni yabwiye abashingamateka b’ubumwe bwa Bulaya i Buruseli mu Bubiligi ko ibi ari ibihe bari bamaze igihe kirekire barindiriye kandi ko yizeye ko irahira rya Biden ari ijambo ritanga ivyizigiro kw’isi.

Perezida w’Ubudagi, Frank Walter Steinmeier, yise umusi wa gatatu, umusi mwiza kuri demokarasi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, avuga ko ikiza ca COVID kigiye kurwanirizwa hamwe, hamwe n’ihindagurika ry’ibihe, ibibazo vy’umutekano no guteza imbere demokarasi. Avuga yo yiteze gukorana n’Amerika mu kubishikako.

Ku mugabane wa Aziya, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubushinwa, Hua Chunying, yavuze ko mu myaka ine iheze, reta y’Amerika yakoreye amakosha Ubushinwa kandi ko vyononye bikomeye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu. Uwo mukenyezi avuga ko afise icizere ko reta y'Amerika ku ntwaro ya Biden igiye kugarukana ingendo yo kwubahana, kwungukira hamwe no kugarukana imigenderanire.

Perezida wa Irani Hassan Rouhani nawe yizigiye ko Biden ashobora kuzosubira mu masezerano ya Nikleyeli no guhanagura ibihano Amerika yafatiye igihugu ciwe.

Uburusiya bwo bwahisemwo kwinumira, ariko imbere y’uko Biden arahira, umuvugizi wa reta, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko atariko arabona igihinduka mu migenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG