Uko wahagera

Perezida Sassou Nguesso Afise Amahirwe yo Gutsinda Amatora muri Kongo


Perezida Sassou Nguesso wa Kongo, mu myiyamamazo y'amatora y'umukuru w'igihugu.

Igihugu ca Republika ya Kongo Brazaville kuri uyu w’Imana catunganije amatora y’umukuru w’igihugu. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko ayo matora atabaye mu muco kandi atumbereye gushira imbere Perezida Denis Sassou Nguesso.

Nta makuru y’umutekano muke yavuzwe imbere yuko ibiro vy’amatora vyugarwa, ariko ibimenyeshamakuru vyashikirije ko yaba interineti canke imbuga hwaniro za Social media zahagaritswe.

Perezida Sassou Nguesso w’imyaka 77 ni we ahabwa amahirwe yo gutsinda abandi batandatu bahiganwa, barongowe n’umuhinga mu vyo ubutunzi, Guy-Brice Parfait Kolelas. Uwo yatangaje ku musi wa gatandatu ko yanduye Covid-19 kandi aremvye cane aho arwariye i Paris mu Bufaransa.

Kolelas, yatowe uwo mugera ku musi wa gatanu. Yari ku murongo wa mbere mu batavuga rumwe n’ubutegetsi mu matora y’umukuru w’igihugu yo 2016.

Perezida Sassou Nguesso, yatanguye kuja ku butegetsi mu 1979, akaba abumazemwo imyaka 36, bituma aba umwe mu bakuru b’ibihugu bamaze igihe kirekire ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG