Uko wahagera

Kongo Brazaville mu Matora Atizewe n'Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi


Denis Sassou-Nguesso amaze imyaka 36 ku butegetsi bwa Kongo Brazaville
Denis Sassou-Nguesso amaze imyaka 36 ku butegetsi bwa Kongo Brazaville

Abanyagihugu muri Kongo Brazaville bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu. Perezida Denis Sassou Nguesso amaze imyaka 36 ku butegetsi ahanganye n’abakandida batandatu baja bamaze kuvuga ko ata muco uri mu matora yo kuri uno wa Mungu.

Denis Sassou Nguesso w’imyaka 77 ariko arondera iyindi manda y’imyaka itanu. Mu kwiyamamaza kwiwe yashize imbere imigambi ibiri nyamukuru: Uguteza imbere urwaruka no gusanura igisata c’uburimyi yipfuza ko gisahiriza umwimbu wa peterori watumye ubutunzi bw’igihugu ciwe bucumbagira.

Guy-Brice Parfait Kolelas akomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi akaba ari imbere mu bahanganye na Sassou Nguesso ararembejwe n’ikiza ca Covid-19. Uwujejwe kwiyamamaza kwiwe yatangaje ko uwo munyepolitike w’imyaka 60 aza kujanwa kuvurirwa mu Bufarana ku mugoroba w’uno wa Mungu.

Muri Videwo yashize ahabona ejo biboneka ko ata tuguvu agira, yabwiye abanyagihugu bo muri Kongo Brazaville ati: “ Ndiko ngwana n’urupfu, ariko ndabasavye muzohagurukane n’iyonka muje gutora ihinduka. Sinagwaniye ubusa.” Inyuma y’ayo majambo, Guy-Brice yaciye asubizamwo ivyuma vyariko bimufasha guhema.

Mathias Dzon yahoze ari umushikiranganji w’ubutunzi muri Kongo Brazaville akaba mu bakomeye batavuga rumwe n’ubutegetsi bariko bahiganira ikibanza ca Perezida, we yatangaje ko atazokwemera ivyavuye mu matora. Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa, RFI, yasiguye ko umurwi ujejwe gutegura amatora uhengamiye ku ruhande rwa Perezida Denis Sassou Nguesso.

Utundi twa sorobo abatavuga rumwe na Reta batangako uturorero mu kunebagura itunganywa ry’amatora, ni ukuba inama y’abepiskopi katorika yarimwe impusha zo kurungika indorerezi zayo zirenga igihumbi mu biro bitandukanye vy’amatora, icibwa rya interneti ryibonekeje mu bice bimwe bimwe, ihagarikwa ry’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu yatawe muri yompi yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano, n’umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa, RFI, yirukanywe ku butaka bwa Kongo Brazaville.

ONU yasavye aberwa n’amatora yo kuri uno wa Mungu bose gukora ibishobotse akaba mu muco no mu mutekano. Hagati aho, ONU n’Ubumwe bwa Buraya nta butumire bahawe bwo kuza kurorera ano matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG