Uko wahagera

Ubulaya Burashima Iyemezwa rya Reta y'Ubumwe muri Libiya


Umukuru w'ishirahamwe rya Bulaya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Josep Borrel
Umukuru w'ishirahamwe rya Bulaya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Josep Borrel

Ishirahamwe rya Bulaya ryakiranye urweze kuri uyu wa kane itora ry’inama nshingamateka ya Libiya ryemeje gushinga reta y’ubumwe. Ariko rigabisha kuzofatira ibihano abanyamahanga canke abo mu gihugu bama bahungabanya utwigoro tw’amahoro.

Umukuru ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe rya Bulaya, Josep Borrell, yavuze ko iyi ari intambuko ikomeye yo gushira hamwe inzego zizoshikana Libiya ku matora yo kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa cumi na kabiri. Asaba abegwa na poritike muri Libiya gukorera hamwe mu ntumbero yo kubumbatira amahoro no gushigikira reta y’ubumwe.

Inyuma y’impari zamaze imisi ibiri mu gisagara ca Sirte, ku musi wa gatatu inama nshingamateka yahavuye yemeza umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza, Abdul Hamid Dbeibah azoba ararongoye iyo reta.

Libiya yacitsemwo ibice bibiri. Igice kimwe kirongowe na reta yemewe n’amakungu, ifise icicaro ku murwa mukuru Tripoli hamwe n’ikindi kirongowe na reta yo mu buseruko ishigikiwe n’umutegetsi w’umusirikare akomeye, Khalifa Haftar.

Ubulayi busaba ko intambara zihagarara, kwubahiriza kutinjiza ibirwanisho mu gihugu biakomezwa hamwe no gusaba abarwanyi bose mvamakungu n’abacangero gusubira iwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG