Uko wahagera

Covid-19: Ukudahuza ku Gusubira Kwugurura Imirimo muri Amerika


Perezida Joe Biden na Buramatari wa Texas, Greg Abbott

Amareta amwe amwe yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika ariko aratezurira abanyagihugu ku ngingo zafashwe zo kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa COVID-19. Ariko abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu na Perezida Joe Biden baragabisha ku nkurikizi bishobora gutera.

Amareta ya Michigan na Louisiana ni amwe muri yo avuga ko ariko arabohora abanyagihugu bayo. Izo reta uko ari zibiri zemereye abaja muri restaurant n’amaduka mato mato kuyajamwo hatisunzwe ibitigiri vy’abantu. Amakoraniro y’abantu mu mazu canke mu nyubako no hanze arashobora gusubira ukuri kwamye ata bitigiri kanaka bishinzwe.

Muri reta ya Texas, buramatari Gregg Abbott, yakuyeho ukwambara udupfukamunwa. Yavuze ko kuva kuri uyu wa gatatu, abakora ibikorwa vyose vy’ubucuruzi bemerewe kwugurura ku rugero rw’ijana kw’ijana.

Perezida Joe Biden yagabishije ko ateye kubiri n’izo ngingo, cane cane kureka abantu bagakoranira hamwe batambaye udupfukamunwa iki gihe. Avuga ko ari ikosha rikomeye cane kuko utwo dupfukamunwa twafashije cane.

Buramatari wa reta ya Mississippi, Tate Reeves, yishuye Perezida Biden ko abanyagihugu b’iyo reta badakeneye abaza babategeka uko bifata. Yavuze ko abategetsi bakwiye kwizera abanyamerika, atari ukubatuka.

Haruhande y’ivyo, umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura no gukinga indwara, CDC, Dr. Rochelle Walensky, yavuze ko Amerika igiye kwinjira mu ndwi zitazoyorohera. Asaba abanyamerika gufata ingingo zibereye ku magara yabo no gukingira abakunzi babo. Avuga ko mu gihe abandura COVID-19 bagabanuka, ikindi gisanira c’uwo mugera kiriko kirigaragaza, mu gihe amareta afashe ingingo zo gusubira mu buzima busanzwe nka kera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG