Uko wahagera

USA: Abamaze Gufata Urucanco rwa Covid-19 Batanguye Gutezurirwa


Ikigo ca Amerika kijejwe gukinga no Kurwanya Indwara Zandukira, CDC
Ikigo ca Amerika kijejwe gukinga no Kurwanya Indwara Zandukira, CDC

Ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no gukinga indwara zandukira, CDC, catangaje kuri uyu wa mbere ko abantu batewe urucanco rwa Covid-19 bashobora gukoranira hamwe n’abandi bacandazwe bari ahantu hugaye ata dupfukamunwa barinze kwambara canke ngo batandukane.

Ikigo CDC kivuga kandi ko abakuze bacandazwe bashobora gukoranira hamwe n’abakiri bato hamwe n’abandi bari mu mugwi w’abafise amahirwe make yo kubangamirwa cane n’uwo mugera. Ibi bisobanura ko ba inakuru na ba sekuru bashobora gukoranira hamwe n’abuzukuru babo, naho abo buzukuru boba batacandazwe.

Abacandazwe ngo ntibikenewe ko bikumira nkuko bisanzwe bisabwa iyo bahuye n’uwanduye Covid-19.

Dr. Rochelle Walensky, arongoye ikigo CDC, yavuze ko hari ibikorwa abacandazwe bashobora gusubira gutangura gukora mu mazu no mu miryango yabo.

Ariko uwo mutegetsi avuga ko abantu bacandazwe bakwiye kuguma bambaye udupfukamunwa no guhana inta iyo bagiye mu makoraniro yo hanze mu bantu benshi. Yemeza ko uwacandazwe akwiye kwipimisha igiye yumva afise ibimenyetso vya COVD-19.

Kugeza ubu, hafi imiriyoni 30 z’abanyamerika baramaze kuronswa urwo rucanco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG