Uko wahagera

Abandura Covid-19 Bagabanutse muri Amerika


imirongo y'abariko baripimisha Covid-19 mu gisagara ca Milwaukee, muri Wisconsin. Kw'italiki ya 2/10/2020
imirongo y'abariko baripimisha Covid-19 mu gisagara ca Milwaukee, muri Wisconsin. Kw'italiki ya 2/10/2020

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ibitigiri vy’abantu bashasha bandura umugera wa COVID-19 vyagabanutse bija munsi y’100 000 ku musi mu misi iheze, ariko abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu baragabisha ko hakiri urugendo kugira ico kiza gitururuzwe.

Amerika ni yo ifise abishwe n’uwo mugera benshi hamwe n’abawanduye ugereranije n’ibindi bihugu kw’isi.

Kaminuza Johns Hopkins, ikurikirana buri musi ivy’ico kiza, ivuga ko mu kwezi kwa cumi na kabiri, handura abarenga 200 000 buri musi, kandi biyongereye gushika ku 250 000 ku musi mu kwezi kwa mbere.

Ariko ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu, ico gitigiri caragabanutse gishika ku 100 000 ku musi.

Dr. Rochelle Walensky, umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe gukinga no kurwanya indwara, CDC, yavuze ariko ko igisanira gishasha c’uwo mugera catowe mu bindi bihugu kandi kimaze gushika no muri Amerika gishobora kwongereza ibitigiri vy’abandura n’abapfa. Asaba abanyamerika kwambara udupfukamunwa no kubandanya bicandagisha.

Kaminuza Johns Hopkins, yerekana ko Amerika imaze kushikana abantu barenga imiliyoni 27 n’ibihumbi 700 banduye Covid-19 hamwe n’abarenga 484 000 umaze guhitana.

Ni mu gihe kw’isi hose, uwo mugera umaze kwandukira abarenga 108 727 200 hamwe n’abarenga 2 397 385 umaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG