Uko wahagera

Myanmar: Umutegetsi mu Mugambwe NLD Yapfiriye mu Minwe y'Igiporisi


Abantu bitabiriye umuhango wo gupfuba U Khin Maung Latt, wo mu mugambwe NLD, mu gisagara ca Yangon, Myanmar, kw'italiki ya 07/03/2021.

Muri Myanmar, umutegetsi wo mu mugambwe wa Aung San Suu Kyi, wakuwe ku butegetsi, yapfiriye aho yari afungiwe, mu gihe abajejwe umutekano babandanya guhangana n’abari mu myiyerekano yiyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi.

Uwo mutegetsi wo mu mugambwe National League for Democracy, (NLD), Khin Maung Latt, yahagaritswe mu myiyerekeno yo mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana mu gisagara ca Yangon, aca apfira mu minwe y’abamufashe. Umushingwamanza w’uwo mugambwe ni we yabishikirije. Icamwishwe nticatangajwe.

Yafashwe inyuma y’umukwabu igiporisi cakoze ku ndongozi z’uwo mugambwe NLD.

Haruhande y’uru rupfu, abakora imyiyerekano bongeye kuzindukira mu myiyerekano kuri uyu w’Imana.

Iyi myiyerekano yakomeye cane mu gisagara ca Myanmar kigira kabiri mu binini ca Mandalay, aho abanyagihugu bafashe iminota ibiri yo kuja mu gacerere bibuka ababo bishwe n’igiporisi hamwe n’igisirikare.

Myanmar yinjiye mu ruhagarara n’ubwicanyi kuva kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa kabiri, igihe igisirikare catembagaza reta y’abasivile congera gipfunga Suu Kyi hamwe n’abandi bategetsi bakuru b’umugabwe NLD. Igisirikare cisigura kicuga ko amatora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri yahaye intsinzi umugambwe NLD yaranzwemwo ubusuma. Abategetsi bajejwe amatora barahakanye ivyo vyagiriji vy’igisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG