Igiporisi gicungera umutekano ku nama nshingamateka ya Amerika, Capitol, kiratewe ubwoba n’iterabwoba ry’abahiga kugaba ikindi gitero kuri iyo nyubakwa. Gisaba ubushikiranganji bwo kwivuna abansi kugumizaho abasirikare hafi 5 000 baje gufasha gucungera iyo nyubakwa iyindi misi 60, gushika hagati y’ukwezi kwa gatanu.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwabwiye Ijwi ry’Amerika ko bwemeye ivyo busabwe. Abo basirikare bari kuzokurwaho kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa gatatu.
Iri gumizwaho ry’abasirikare risabwe mu gihe abategetsi bavuze ko bafashe nkama amakuru y’iperereza avuga ko hari umugwi w’abagwanyi utegekanya gutera no gusambura inyubakwa ya Capitol kuri uyu wa kane naho hiriwe hatekanye.
Umutekano warakomejwe cane kuri iyo nyubakwa kuva kw’italiki ya 6 y’ukwezi kwa mbere, igihe abanywanyi amajana ba Trump bahatera barasanzaza ibirimwo, igihe abashingamateka bariko baremeza intsinzi ya Joe Biden. Abantu batanu barishwe muri ico gitero harimwo n’umuporisi.
Mu kiganiro ca buri ndwi n’abamenyeshamakuru, umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi, yasavye ko abo basirikare bagumizwaho igihe cose bazoba bagikenewe. Ariko kandi yavuze ko abajejwe umutekano ari bo bazofata ingingo bazobona ko ibereye.
Facebook Forum