Uko wahagera

Umushikiranganji wa Libiya w'Intwaro mu Gihugu Yarokotse Igitero


Fathi Bashagha, Umushikiranganji wa reta ya Libiya yemewe n'amakungu.
Fathi Bashagha, Umushikiranganji wa reta ya Libiya yemewe n'amakungu.

Umushikiranganji wa Libiya w’intwaro mu gihugu hagati yarusimvye kuri uyu w’Imana, mu gitero c’abagabo bitwaje inkoho ku modokari yarimwo, nkuko vyashikirijwe n’ibiro vyiwe.

Imodokari yarimwo umushikiranganji Fathi Bashagha hamwe n’izari zimucungereye umutekano zarasiwe mu murwa mukuru Tripoli, avuye kudengera ishirahamwe ry’igihugu rijejwe igitoro.

Babiri muri abo barashe barafashwe uwundi aricwa mu kurasana n’abacungera umutekano wiwe. Ibiro vyiwe vyavuze ko umushikiranganji Bashagha atakomeretse, ariko umwe mu bamucungerera umutekano yarakomeretse.

Iki gitero kibaye haheze indwi Libiya yemeye gushinga reta mfatakibanza yemewe n’amakungu izoshikana igihugu mu matora mu mpera z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG