Uko wahagera

Nijeri: Mohamed Bazoum Afise Amahirwe yo Gutsinda Amatora


Bazoum Mohamed
Bazoum Mohamed

Abanyagihugu muri Nijeri bitabiriye igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu kuri uyu w’Imana. Ni amatora agamije ku gushikira ubwa mbere ubutegetsi biciye mu nzira ya demokarasi kuva ico gihugu cikukira ku bukolini bw’Ubufaransa mu 1960.

Umukandi w’umugambwe uri ku butegetsi, Mohamed Bazoum, ni we ahabwa amahirwe inyuma yo kurusha abandi ku majwi 39 kw’ijana mu gice ca mbere cabaye kw’italiki ya 27 z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Aza imbere y’uwahoze ari perezida, Mahamane Ousmane, afise amajwi 17 kw’ijana.

Umukandida Bazoum, w’imyaka 61, yararanguye amabanga akomeye muri reta ya perezida Mahamadou Issoufou. Yarabaye umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu hamwe n’uwo intwaro mu gihugu hagati. Muri iki gice ca kabiri ashigikiwe n’abakandida babiri baronse ibibanza vya gatatu n’ica kane mu gice ca mbere.

Bazoum yasezeraniye abanyagihugu kubandanya imigambi ya perezida Issoufou, guharanira umutekano muri ico gihugu co mu karere ka Afrika y’uburengero gihanzwe n’imihari y’intagondwa yitwaje ibirwanisho. Ategekanya kandi kunagura ubutunzi.

Nta makuru y’uguhungabanya amatora yashikirijwe kuri uyu w’Imana, naho Ousmane, yigeze kuvuga ubusuma mu gice ca mbere, ubu asaba abanyagihugu gukanura no kugaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG