Uko wahagera

Perezida Tshisekedi Yagenye Umushikiranganji wa Mbere Mushasha


Umushikiranganji wa mbere wa RDC, Jean-Michel Sama Lukombe.
Umushikiranganji wa mbere wa RDC, Jean-Michel Sama Lukombe.

Perezida wa Republika ya Demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, kuri uyu wa mbere yagenye Jean-Michel Sama Lukonde Kyenge, mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere.

Sama Lukonde, w’imyaka 43, yari arongoye ishirahamwe rya reta ricukura ubutare Gecamines, asubiriye Sylvestre Ilunga Ilunkamba, yakuwe muri ayo mabanga inyuma y’aho urunani hagati ya Perezida Tshisekedi n’uwahoze aramutswa ico gihugu, Joseph Kabila rusambukiye.

Tshisekedi, umuhungu w’uwahoze ari uwutavuga rumwe n’ubutegetsi, yatangajwe ko yatsinze ariko yaragondojwe gukorana n’urunani rw’abanywanyi ba Kabila rwagumye rumunaniza kuko rufise abanywanyi benshi mu nama nshingamateka.

Ukutumvikana kwakomeye mu mwaka uheze igihe Tshisekedi yatangaza ko ugusangira ubutegetsi vyahagaritse porogaramu yiwe yo kugira ivyo ahinduye mu gihugu, aca avuga ko agiye kurondera urundi runani mu nama nshingamateka.

Tshisekedi, yiyamamaje yemerera abanyagihugu impinduka no guteza imbere ivy’agateka ka muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG