Uko wahagera

Abadepite ba RDC Bakuye Umushikiranganji wa Mbere na Reta Yiwe


Umushikiranganji wa mbere wa RDC, Sylvestre Ilunga Ilunkamba
Umushikiranganji wa mbere wa RDC, Sylvestre Ilunga Ilunkamba

Abashingamateka muri Repubulika ya demokarasi ya Congo, kuri uyu wa gatatu, batoye baremeza gukura umushikiranganji wa mbere, Sylvestre Ilunga Ilunkamba. Ibi bigiye guha Perezida Felix Tshisekedi igihagararo, aho ariko yigizayo umugwi w’abanywanyi b’uwo yasubiriye bari kumwe mu runani rwo gutwara, ariko bariko baramunaniza gutwara.

Inama nshingamateka yemeje iryo tegeko ryo gukura Ilunga Ilunkamba, na reta yiwe ku majwi 367 ku ndwi batavyemeje.

Ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu rivuga ko inama nshingamateka yemeje ingingo nk'iyo, umushikiranganji wa mbere aba afise amasaha 24 kuba yasezeye.

Ariko Ilunga Ilunkamba yiyamirije iyo ngingo, kandi n’umushingamateka, Francois Nzekuye, wo mu mugambwe ushigikiye uwahoze ari perezida, Joseph Kabila, yavuze ko umushikiranganji wa mbere atazotanga imihoho.

Igihe yashikira ubutegetsi mu kwezi kwa mbere 2019, Tshisekedi yaremeye amasezerano yo gusabikanya ubutegetsi n’abo ku ruhande rwa Kabila, bafise intebe 500 mu nama nshingamateka.

Ariko haciye haba ukutumvikana, ku buryo kw’italiki ya 6 ukwezi kwa cumi na kabiri, Perezida Tshisekedi, yashikirije ko ahagaritse urwo runani kandi agiye kurondera urundi runani bofashanya gutwara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG