Uko wahagera

ONU Itewe Impungene n'Ukutumvikana Hagati ya Tshisekedi na Kabila


Uwahoze ari perezida wa Congo Joseph Kabila ari kumwe n'uwamusubiriye ku butegetsi Félix Tshisekedi
Uwahoze ari perezida wa Congo Joseph Kabila ari kumwe n'uwamusubiriye ku butegetsi Félix Tshisekedi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ritewe impungenge kandi rigabisha ku ruhagarara rushingiye kuri politike rushobora kwaduka muri Repubulika ya demokarasi ya Congo. ONU ivuga ko hari ukutumvikana kumaze igihe kirekire hagati ya Perezida Felix Tshisekedi hamwe n’abayoboke b’uwo yasubiriye, Joseph Kabila kandi bigeze aho bishobora kuvyara imidugararo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa gatatu ko atewe impungenge n’ukutumvikana kuri hagati y’urunani rw’abasangiye ubutegetsi.

Guterres avuga ko ibi bishobora gusubiza inyuma uturusho twa politike twabonetse kuva habaye amatora y’umukuru w’igihugu mu 2018, yashikanye igihugu kw’ihanahana ry’ubutegetsi mu mahoro.

Ni inyuma y’amasanamu ya videwo yakwirakwiye ku mbuga ngurukana bumenyi aho umukuru w’abasirikare bacungera umutekano wa Tshisekedi yategetse abasirikare arongoye kutumvira abagomba kugarariza reta.

Urwo rwego rwa gisirikare rugizwe ahanini n’abagenwe na Kabila, yavuye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere 2019 inyuma y’imyaka 18 yari arongoye RDC.

Ibiro vya perezida Tshisekedi vyavuze ko yagiranye umubonano n’abategetsi bakuru ba gisirikare n’igiporisi kuwa kabiri.

Umuvugizi wa gisirikare, Jeneral Leon Kasonga, yavuze ko abasirikare biyunze urunani kandi bashigikiye perezida ndetse ata ruhara bafise muri politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG