Uko wahagera

RDC: Abashingamateka Bemeje Gukura Umukuru wabo


Jeanine Mabunda arongoye inama nshingamateka ya repubulika ya demokarasi ya Kongo, ashikiriza ijambo abashingamateka i Kinshasa, kw'italiki ya 10-12/2020
Jeanine Mabunda arongoye inama nshingamateka ya repubulika ya demokarasi ya Kongo, ashikiriza ijambo abashingamateka i Kinshasa, kw'italiki ya 10-12/2020

Ni mu gihe hamaze imisi hari amahane hagati ya Perezida Felix Tshisekedi hamwe n’abayoboke b’uwo yasubiriye Joseph Kabila.

Abashingamateka muri Republika ya demokarasi ya Congo kuri uyu wa kane batoye baremeza gukura umukuru w’iyo nama, Jeanine Mabunda. Ni mu gihe hamaze imisi hari amahane hagati ya Perezida Felix Tshisekedi hamwe n’abayoboke b’uwo yasubiriye Joseph Kabila.

Abanywanyi ba Kabila bahurikiye mu runani Front Commun pour le Congo, (FCC) bagiriza Perezida Tshisekedi guhonyanga ibwirizwa shingiro. Bavuga kandi ko atumbereye gushira igihugu ku ntwaro y’igikenye.

Umwe mu badiplomate mur’ico gihugu yavuze ko uruhande rw’abanywanyi ba perezida Tshisekedi n’aba Kabila basa n’abatariko bariyunga, ko kandi ari ikimenyetso kibi gishobora gusunikira igihugu mu ntambara.

Abaporisi amajana nibo bagenzura urwinjiriro rw’inyubakwa y’inama nshingamateka, aho bemerera gusa abashingamateka, abakozi bayikoramwo hamwe n’abamenyeshamakuru babifitiye uburenganzira kwinjira.

Perezida Tshisekedi yavuze ko ashobora kurondera urundi runani mu runani ruhasanzwe FCC, canke vyanse agasesa inama nshingamateka yose, agatumako ayandi matora.

Mu bashingamateka 484 bitabiriye ibikorwa vyo kuri uyu wa kane, 281 bemeje ko umukuru wabo Mabunda akurwa, ku 200 bavyanse.

Intandaro y’uku kutumvikana yatanguye igihe Kabila na Tshisekedi babisikanya ku butegetsi mu kwezi kwa mbere 2019. Kabila yagumanye ijunja n’igihagararo mu banyepolitike somambike nawe hamwe n’abasirikare yasize agenye mu mabanga atandukanye. Ibi vyatumye bitorohera Perezida Tshisekedi kugaragaza ubutegetsi yahawe n’abanyagihugu.

Kuri uyu wa kane, ibiro vya perezida vyanditse ku rubuga Twitter ko perezida yabonanye n’abasirikare bakuru bakuru hafi 50 bamwemerera ko bazokwumvira amabwiriza yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG