Uko wahagera

HRW Yagiriza Etiyopiya Ubwicanyi mu Ntambara Yabaye muri Tigre


Abanyetiyopiya bahunze imirwano mu ntara ya Tigre, bariko begereza ububibe Sudani ihana na Etiyopiya, kw'italiki ya 16/12/2020.

Raporo nshasha y’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, isaba amatohoza yigenga ku bitero vyakozwe n’abasirikare ba Etiyopiya ku basivile mu ntara ya Tigre.

Iyo raporo yasohowe kuri uyu wa kane, ivuga ko ibisasu vyatewe igihe iyo ntambara yatangura vyaguye ku mazu y’abantu, ku bitaro, ku mashure hamwe no ku masoko yo mu gisagara gikuru ca Mekelle, hamwe no mu tundi dusagara duto twa Humera na Shire. HRW ivuga ko hapfuye abasivile 83, barimwo abana, kandi hakomeretse abarenga 300.

HRW yavuze ko ivyo bishoboka kwitwa ukutubahiriza amategeko yo mu ntambara.

Reta ya Etiyopiya yavuze ko yakoze ibitero vyari bitumbereye neza na neza aho vyari bigenewe, kandi vyari bigamije kwigarurira ibisagara vyari mu minwe y’umuhari witwaje ibirwanisho, TPLF, kandi wigeze no kuba umugambwe.

Umushikiranganji wa mbere Etiyopiya, Abiy Ahmed, yavuze ko ata musivile yakozweko muco yise igitero catanguye mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe cari kigamije kwubahiriza amategeko.

Iyi raporo ya HRW ije mu gihe amashirahamwe y'abagiraneza avuga ko atewe amakenga n’ubuzima bubi abanyagihugu babayemwo mu bice vyo mu gihugu hagati muri Tigre, hamwe n’ubukene bw’imfashanyo hanze y’ibisagara bikuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG