Uko wahagera

Etiyopiya: Abarenga Imiriyoni 2 mu ntara ya Tigre Bakeneye Ubufasha


Umwe mu bahunze
Umwe mu bahunze

Abantu bagera ku miliyoni 2 n'ibihumbi 300 bakeneye imfashanyo mu ntara ya Tigre, muri Etiyopiya

Ugutana mu mitwe kuracariko kuraba mu bice bitari bike vyo mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya. Hafi y’igice c’abanyagihugu baba muri iyo ntara bakeneye imfashanyo nkuko bitangazwa n’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ico cegeranyo cashizwe ahabona ejo ku musi wa kane gitangaza ko imfashanyo z’ibifungurwa zidakwiye kandi ko ugusahura kwakwiragiye mu gihe umutekano muke ubandanya kuharangwa.

Ico cegeranyo ca ONU catunganijwe inyuma yuko iryo shirahamwe n’amashirahamwe ya reta birungitse abakozi bayo incuro zibiri muri iyo ntara mu mpera z’ukwezi kw’icumi na kabiri. Ayo mashirahamwe yompi yatangaje ko ibintu bimeze nabi cane ku banyagihugu co mu ntara ya Tigre. Amenyesha ko 2 kuri 4 mu makambi y’impunzi muri iyo ntara umuntu adashobora kuyashikira gushika ubu.

Ico cegeranyo ca ONU kivuga ko ugutana mu mitwe kubandanya kubera mu bice biri hagati mu ntara ya Tigre, mu micungararo y’umurwa mukuru, Mekelle hamwe no mu bisagara vya Shire na Sheraro.

Imirwi y’abagize itohoza b’ishirahamwe ONU n’amashirahamwe yegamiye Reta ya Etiyopiya bavuga ko amashule, ibitaro n’ibiro vya reta vyasahuwe vyongera birononekara

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG