Uko wahagera

Etiyopiya: ONU Izogira Itohoza ku Mabi Yakorewe muri Tigre


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigiye kurungika umurwi w'abariserukira gutohoza ihonyangwa ry'agateka ka muntu mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya.

Iryo honyangwa ry’agateka ka muntu rivugwa ko ririmwo ubwicanyi bw’ikivunga. Ishirahamwe ONU rivuga kandi kw’ubwo bwicanyi bushobora kuba burimwo ivyaha vyo mu ntambara.

Abagiraneza gushika mu misi ya vuba ntibashoboye gushika mu ntara ya Tigre. Abakozi b’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu bariko baragerageza kuhashika kugira batohoze amakuru y’ihonyangwa ry’agateka ka muntu rivugwa ko ririko rihabera.

Umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe ONU, Michelle Bachelet, yatangaje uno musi ku wa kabiri ko niba abasivile barishwe n’impaka n’impande zitana mu mitwe, ubwo bwicanyi ari ivyaha vyo mu ntambara. Amenyesha ko amatohoza yigenga, ataho ahengamiye kandi abaye mu muco akenewe kugira bamenye abakoze ayo mabi, ubutungane bwubahirizwe.

Madame Bachelet yatanze akarorero ka bumwe mu bwicanyi buvurwa ko bwakozwe kw’italiki 9 y’ukwezi kw’icumi na rimwe ku bantu amajana n’amajana, benshi muri bo bo mu bwoko bwa Amhara mu gisagara ca Mai Kadra kiri mu buraruko bushira uburengero bwa Etiyopiya. Yavuze no ku bundi bwicanyi bwakozwe mu bice bibamwo abantu benshi hakoreshejwe ibikoho bikomakomeye nka vya muzinga, hamwe n’ukwica abasivile n’impaka, hamwe n’ubusuma bw’ikivunga.

Amakuru ishirahamwe ONU rifise avuga ko impande zose zitana mu mitwe zatyoje bikomeye agateka ka muntu. Yamara izo mpande zirabihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG