Uko wahagera

OMS Yemeje ko Urucanco rwa AstraZeneca Atacobuza Rukoreshwa


Urucanco rw'isosiyete AstraZeneca

Umugwi w’abahinga ba OMS mu vyo gucandaga, basavye ko hakoreshwa incanco za COVID-19 z’isosiyete AstraZeneca ku bantu b’imyaka yose hamwe no mu bice igisanira c’uwo mugera kimaze kwibonekeza.

Ni inyuma yo kwihweza neza urwo rucanco kwabaye muri iyi ndwi, inyuma y’aho Afrika y’Epfo ihagarikiye kurukoresha ku musi w’Imana. Icigwa cakozwe na kaminuza yo mur’ico gihugu cerekanye ko urwo rucanco rudakinga ico gisanira ca Covid-19 catanguye kugaragara muri ico gihugu.

Uwo mugwi w’abahinga wakoze iryo suzuma ubisabwe n’umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, kandi ryakozwe no ku nyungu z’abakozi mu buvuzi kw’isi bariko baratanga urwo rucanco.

Umushakashatsi wa OMS, Dr. Soumya Swaminathan, yavuze ko uko biri kwose, iyi ngingo y’uyu mugwi ari ngira kamaro na nyaburya incanco za AstraZeneca zidasaba kubikwa ahakanye cane rwose kandi zoroshe gukwirakwiza ata buryo bwinshi bw’amafaranga bukoreshejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG