Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yahagaritse Gutanga Urucanco rwa AstraZeneca


Afurika y’epfo yahagaritse gutanga urucanco rwa AstraZeneca. Ni inyuma yaho ivyigwa bishasha vyerekanye ko urwo rucanco rukorerwa mu Bwongereza rudakinga neza ubwandu bushasha bwa virusi ya Corona bumaze kwibonekeza mu bihugu 32 birimwo Afurika y’Epfo, Amerika n’Ubwongereza.

Ubushakashatsi kuri urwo rucanco bwakozwe na kaminuza yitwa Witwatersrand iri I Johannesburg muri Afurika y’epfo ntiburemezwa n’abandi bahinga. Ico bikoze, ubwakozwe n'iyo kaminuza bwerekana ko urucanco rwa AstraZeneca rukingira ku rugero ruri hasi cane Covid-19 idakaze naho nyene mu bakiri bato.

Ino nkuru yabaye inca mugongo kuri Afurika y’epfo imaze kubura abagera ku bihumbi 46 bahitanywe na Corona. Sosiyete AstraZeneca ku ruhande rwayo itangaza ko iriko irakora urundi rucanco rushobora kuzohangana n’ubwoko bukaze bushasha bwa Covid-19. Ni urucanco iyo sosiyete ivuga ko rushobora kuzoboneka bitarenze mu ci ry’uno mwaka.

Urucanco rwa AstraZaneca ruhagaristwe vy’imfatakibanza muri Afurika y’epfo mu gihe ico gihugu cari kiriko citegurira gutangura gutanga incanco zigera ku miriyoni imwe zarwo. Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, mu masaha ari imbere rirahava rikora inama kuri iki kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG