Uko wahagera

Somaliya muri Gahunda y'Akanama ka ONU Kajejwe Umutekano


Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmaajo.
Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Farmaajo.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi karakorana kuri uyu wa kabiri kugira kige ikibazo ca politike gihanze Somaliya. Ni inyuma y’aho abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bavugiye ko perezida ari ku butegetsi atavyemerewe n’amategeko.

Amakuru ava mu badiplomate ba ONU avuga ko iyo nama yo mu mwiherero yasabwe n’Ubwongereza, busanzwe burongoye ako kanama uyu mwaka.

Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed, azwi kw’itazirano rya Farmajo, yahuye n’ikibazo c’ubutegetsi kuri uyu wa mbere igihe ikiringo ciwe gihereye, kandi ata nzira iboneka iriho igana ku matora.

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi rwatangaje ko rutacemera ubutegetsi bwiwe.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yavuze ko hakiri akaryo k’uko abategetsi muri Somaliya baja hamwe, bakarondera umuti wa politike uzoshigikira inzego z’igihugu bashitseko barushe kugira bazubake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG