Uko wahagera

Maroke Yatahukanye Igikombe ca CHAN 2021


Epike ya Maroke iheje gutsinda Mali i Yaounde muri Kameruni, kuri Stade Ahmadou Ahidjo. Kw'itariki ya 7/02/2021

Igihugu ca Maroke caratsindiye ku ncuro ya kabiri cikurikiranya igikombe c'umupira w'amaguru c’imirwi nserukira bihugu y’abakinyi bakinira ku mugabane w’Afrika, CHAN 2021. Ni inyuma yo gutsinda Mali 2-0 mu rukino rwa nyuma rwabaye kuri uyu w’Imana i Yaounde muri Kameruni.

Bugize kabiri kandi Mali itsindwa mu rukino rwa nyuma muri iri higanwa riba uko imyaka ibiri irangiye, inyuma yo gutsindwa mu 2016.

Maroke irangije iri higanwa itsinze inkino 5 kuri zitandatu yakinye, itsinda ibitsindo 15, nayo itsindwa bitatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG