Uko wahagera

Maroko Yatsindiye CHAN 2018


Abakinyi ba Maroko bagaragaza umunezero inyuma yo gutahukana igikombe ca CHAN 2018, Casablanca, Maroko itariki 4 z'ukwezi kwa Kabiri 2018.

Igihugu ca Marok catsindiye ku ncuro ya mbere igikombe c'umupira w'amaguru c’imirwi nserukira bihugu y’abakinyi bakinira ku mugabane w’Afrika, CHAN 2018 inyuma yo gutsinda Nijeriya 4-0 mu rukino rwa nyuma rwabaye kuri uyu w’Imana i Casablanca muri Maroc.

Maroc yatewe intege n’abarorerezi bayo bari bitavye urwo rukino ku bwinshi. Igitindo ca mbere ca Maroko cinjijwe n’umukinyi Zakaria Hadraf (ku munota wa 45), ibindi bibiri vyinjizwa mu minota itatu n’abakinyi Walid El-Karti (ku munota wa 61) na Zakaria Hadraf kandi (ku munota wa 64).

Hagati aho, umukinyi Peter Eneji wa Maroc yasohowe inyuma yo guhabwa ikarata y’umuhondo yakurikiwe n’iyitukura (ku munota wa 48).

El-Kaabi, w’imyaka 24 atigeze amenyekana hanze ya Maroko imbere y’izi nkino za CHAN 2018 yatsinze igitsindo ca kane (ku munota wa 73).

Ku musi wa gatandatu, Sudani yaratsindiye ikibanza ca gatatu inyuma yo gutsinda Libiya ibitsindo 4-2 barinze gutera za penaliti kuko umwanya utegekanirijwe urukino wari warangiye banganije 1-1.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG