Uko wahagera

Amasezerano yo Kuzofashisha Ibihugu Bikenye Incanco Zirenga Umuriyaridi


Umuforomakazi yerekana urucanco rwa AstraZeneca rwahinguwe n'ihinguriro Serum Institute of India, ryo mu Buhindi
Umuforomakazi yerekana urucanco rwa AstraZeneca rwahinguwe n'ihinguriro Serum Institute of India, ryo mu Buhindi

Ikigega ca ONU cita ku bana, UNICEF, catangaje ko casinye amasezerano n’ikigo citwa Serum Institute co mu Buhindi. Ayo masezerano ni ayo guhingura umuriyaridi umwe n’umuliyoni umwe w’incanco za AstraZeneca/Oxford na Novavax ku giciro c’amadolari 3 ku rucanco rumwe.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Unicef, Henrietta Fore, yavuze kuri uyu wa gatatu ko iyi ari intango mu mugambi wiswe COVAX wo gufashisha incanco zizimbutse ku bihugu bifise amikoro make.

COVAX ni umugambi urimwo ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, n’ayandi mashirahamwe yiyemeje gushigikira ibihugu bikenye kugira bironke izi ncanco.

Umugambi COVAX uza umaze gutegekanya gutanga imiliyoni 100 z’incanco gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatatu hamwe n’imiliyoni 200 gushika mu kwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG