Uko wahagera

OMS Isaba Ugufashanya Mpuzamakungu ku Rucanco rwa Covid-19


Tedros Adhanom Ghebreyesus ni umuyobozi wa OMS.
Tedros Adhanom Ghebreyesus ni umuyobozi wa OMS.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku magara y’abantu kuri uyu w’Imana yasavye ko haba ugufashanya ku rwego rw’amakungu igihe hazobonekera urucanco rwa Covid-19. Ni mu gihe ibitigiri vy’abandura vyongeye kwiyongera kw’isi.

Mw’ijambo ryo kwugurura inama y’imisi itatu ya OMS i Berlin mu Budagi, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko inzira yonyene yo kurwanya iki kiza ari ugukorera hamwe no kumenya ko ibihugu bikenye bishobora kuronka urucanco. Yasiguye ko kwigungana urucanco mu gihugu kimwe canke ikindi bizotuma ikiza ca Covid-19 kibandanya gusasika inganda.

Abashakashatsi kw’isi bariko biruka n’umwanya bahingura urucanco rwa Covid-19, imaze kwica abarenga umuliyoni kw’isi.

Ishirahamwe rya Bulaya, Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubuyapani hamwe n’ibindi bihugu biramaze gutanga amafaranga y’incanco kumakompanyi ariko arakora urwo rucanco. Ariko amakenga aguma yiyongera ku bihugu bifise amikoro make bishobora gusigwa inyuma.

OMS iza yaratanguje isekeza ku rwego rw’amakungu, yise Covax ryo kurondera imfashanyo ku bihugu bitishoboye kugira bizobashe kugura incanco, ariko ubwo buryo ntiburiko buratangwa ku buryo bushimishije.

OMS kuri uyu w’Imana yatangaje umusi ugira gatatu wikurikiranya w’abandura benshi bashasha kw’isi, isaba ibihugu gufata ingingo zikomeye zo guhagarika ikwirakwira ryawo.

Kaminuza John Hopkins yo muri Amerika itangaza ko abantu barenga imiliyoni 42 n’ibihumbi 876 bamaze kwandura kw’isi hamwe n’abarenga umuliyoni 1 n’ibihumbi 152 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG