Uko wahagera

Abantu Icenda Bapfuye mu Gitero Cagabwe na Al Shabab i Mogadishu


Qarax Hotel Afrik
Qarax Hotel Afrik

Reta ya Somaliya yatangaje ko yarangije urugamba rwamaze amasaha indwi hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa Al Shabab ku murwa mukuru Mogadishu kuw’Imana ku mugoroba, ahasize ubuzima abantu icenda.

Mohamed Nur Galal, umujenerali yakukurutse kandi yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, ari mu bapfiriye mu gitero cagabwe kw’ihoteli izwi cane, yitwa Afrik. Iri kw’ibarabara rihuza umurwa mukuru Mogadishu n’ikibuga c’indege mpuzamakungu. Ikunda kugenderwa n’abanyepolitike, abashingamateka hamwe n’abakozi bakuru ba reta.

Abajejwe umutekano bashoboye kurokora abatari bake igihe iyo hotero yaterwa. Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab wiyemereye ko ari wo wagavye ico gitero.

Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Farmaajo, hamwe n’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Hussein Roble, barungikiye imiryango yabuze ababo ubutumwa bwo kubahoza. Bose basavye abanyesomaliya kuguma biyunze mu kurwanya al-Shabab.

Igiporisi cavuze ko aba al-Shabab bateye iyo hoteli bishwe.

Imodokari yari itezwemwo bombe yaturikiye hafi y’iyo hoteli mu gatondo kuw’Imana, haca hakurikirana kurasana hagati y’aba al shabab n’abajejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG