Abategetsi ba Afrika bavuga ko bariko barakora kugira baronse uwo mugabane incanco amamiliyoni ibihumbi amajana mu mwaka uza kandi basaba ko abanyafrika bogira urunani mu kurwaniriza hamwe umugera wa corona.
Afrika igeze ku bantu imiliyoni 3 n’ibihumbi amajana ane bamaze kwandura kuva aho uwo mugera ugaragariye mu kwezi kwa kabiri kuri uwo mugabane.
Kuva ico gihe gushika ubu, umuyobozi w’ikigo ca Afrika kijejwe gukurikirana indwara, CDC, Dr. John Nkengasong, avuga ko ku mugabane wose hamaze gupimwa abantu imiliyoni 30, Afrika y’Epfo iza imbere mu bihugu 10 bimaze gupimwamwo benshi.
Ibihugu vya Etiyopiya, Nijeriya, Kenya, Zambiya na Uganda navyo nyene biramaze gupima abanyagihugu batari bake.
Amaraboratware adashika 500 ni yo ariko arafasha mu gikorwa co gupima abantu ku mugabane. Nkengasong avuga ko ibihugu bine gusa, Maroke, Misiri, amazinga Seychelles na Guinea ari vyo gusa bimaze gutangura gucandaga abanyagihugu bavyo. Uwo mutegetsi avuga ko ico yihutira imbere ya vyose ari igikorwa co gucandaga.
Facebook Forum