Uko wahagera

Ubuhindi Bwahaye Afurika Incanco za Covid-19 Zigera ku Miliyoni 400


Imodoka igira ishirwemwo incanco Ubuhindi Bwahaye Nepal

Afrika yaronse izindi ncanco imiliyoni 400 za Covid-19. Ni incanco yaronse biciye mu kigo gikora incandago, “Serum Institute” co mu gihugu c’Ubuhindi. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa kane n’ikigo kijejwe kurwanya n’ukwirinda indwara co muri Afrika, “Africa Centers for Disease Control and Prevention”, CDC mu mpfunyapfunyo.

Izi ncanco ziyongereye ku zindi imiliyoni 270 zari zaratanzwe mu ntango z’uyu mwaka n’amasosiyete akora imiti, Pfizer, AstraZeneca na Johnson & Johnson. Umuyobozi w’ikigo, CDC co mu karere ka Afrika, John Nkengasong yabwiye abamenyeshamakuru ko yibaza ko bariko baragira intambwe nziza mu rugamba rw’ukurwanya ikiza ca Covid-19.

Amenyesha ko izo ncandago nshasha zatangajwe mu nama yateguwe na prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa ku musi wa gatatu. Umuvugizi w’ikigo, CDC, yatangaje ko izo ncanco imiliyoni 400 ari iz’isosiyete ikora imiti, Oxford-AstraZeneca.

Nta vyinshi ku vyerekeye amafranga zatwaye n’igitigiri c’abantu bashobora kuzoriha kugira bacandarwe biratangazwa. Mu gihe izo ncandago ziriko ziraboneka, ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 vyasubiye kuduga bikomeye ku mugabane wa Afurika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG