Uko wahagera

Jerry Rawlings Yahoze Atwara Ghana Yashinguranwe Iteka


Isandugu ririmwo uwahoze ari perezida wa Ghana, Jerry John Rawlings mu muhango wa nyuma wo kumushingura. Accra, Ghana, Kw'italiki ya 27/01/2021.
Isandugu ririmwo uwahoze ari perezida wa Ghana, Jerry John Rawlings mu muhango wa nyuma wo kumushingura. Accra, Ghana, Kw'italiki ya 27/01/2021.

Jerry Rawlings yahoze ari prezida w'igihugu ca Ghana yashinguwe mu kaburi ka gisirikare uno musi ku wa gatatu mu gihugu ciwe.

Prezida wa Ghana, Nana Ad Akufo-Addo, yavuze ko nyakwigendera Jerry Rawlings yari umutegetsi yari afise igikundiro kandi yari umugabo w’ijambo.

Amenyesha ko ari co gituma ivyiyumviro vyiwe vyo kuvugisha n’imigambi yaharaniye mu buzima bwiwe bwa politike vyashizwe mw’ibwirizwa shingiro rigira kane ry’igihugu.

Prezida Addo avuga ko ivyo vyiyumviro vyiwe hamwe n’ubwigenge n’ubutungane igihugu ca Ghana kigendera ari vyo nkingi ico gihugu kizoshimikirako mu migambi yaco yerekeye iterambere. Yongeye avuga ko intambwe zikomeye mu nzira y’iterambere igihugu cashitseko ku buyobozi bwa Jerry Rawlings zizoguma mu mishasha y’abatari bake bazokwaruka mu bihe biri imbere mu gihugu.

Prezida Addo yavuze ko amateka azomwibuka neza ku ntererano yagize ku bijanye n’inzego za demokarasi n’ivyerekeye imico mu gihugu ciwe.

Umugambwe, “National Democratic Congress” yashinze, wahayagije ubuyobozi bwiwe ntangere bwatumye igihugu ca Ghana kirangwa n’umutekano mu vya politike mu kiringo kirekire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG