Uko wahagera

Reta ya Biden Ishigikiye Reta ya Palestina Yigenga


Abanyapalestina mu myigaragamvyo biyamiriza urugendo rwa Mike Pompeo mu ntara ya Cisjordaniya i Al-Bireh, kw'italiki ya 18/11/2020.
Abanyapalestina mu myigaragamvyo biyamiriza urugendo rwa Mike Pompeo mu ntara ya Cisjordaniya i Al-Bireh, kw'italiki ya 18/11/2020.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ivy’imfatakibanza muri ONU yongeye gushimangira ko reta ya Joe Biden ihagaze ku mugambi wa reta zibiri za Isirayeli na Palestina nk’inyishu y’amahoro mu karere ko mu buseruko bwo hagati. Yavuze ko reta ifise icizere c’uko buke buke izo mpanze zibiri zizokwizigiranirana.

Ambasaderi Richard Mills, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa kabiri ko Amerika ishigikiye inyishu ya reta zibiri zumvikanyweko, aho Isirayeli izoba mu mahoro n’umutekano haruhande ya reta ya Palestina.

Mu mwaka uheze, reta ya Trump yarashize ahabona umugambi wayo w’amahoro muri ako karere. Abanyepalestina barawamiriye kure, bavuga ko uhengamiye kuri Isirayeki kandi bo ata bwigenge bahabwa.

Ambasaderi Mills, yagabishije izo mpande ko zikwiye kwegeza inyuma ico cose coza gutuma uwo mugambi udashikwako, nko kwigarurira ubutaka, gusambura amazu y’abanyepalestina, kugumurira abanyagihugu mu migumuko n’ibindi.

Reta ya Tump kandi yarafashije mu kunagura imigenderanire hagati ya Isirayeli na Bahrain, Emirat z’Abarabu zunze ubumwe, Maroke, na Sudani. Mills yavuze ko reta nshasha ihamagarira ibindi bihugu gukurikiza ako karorero, ariko ko ayo masezerano atari yo aza asubirira amahoro hagati ya Isirayeli na Palestina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG