Uko wahagera

Perezida wa Palestina Ntiyemera Umugambi w'Amahoro wa Trump


Perezida wa Palestina Mahmoud Abbas inyuma y'inama ku butegetsi bwa Palestina mu ntara ya Cisjordaniya. kuwa 22/01/2020.
Perezida wa Palestina Mahmoud Abbas inyuma y'inama ku butegetsi bwa Palestina mu ntara ya Cisjordaniya. kuwa 22/01/2020.

Perezida w’ubutegetsi bwa Palestina, Mahmoud Abbas ategekanya kwitabira inama y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano mu kwezi kwa kabiri, gushikiriza ko ateye kubiri n’umugambi w’amahoro washikirijwe na Perezida Donald Trump ku kerere ko mu buseruko bwo hagati.

Mu ngendo za kidipolomasiya z’indwi zibiri, Abbas azozitangurira ku musi wa gatandatu i Cairo muri Misiri mu nama y’umuryango w’ibihugu vy’Abarabu.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yashikirije ko ONU igishigikiye inyishu zatanzwe n’akanama ka ONU kajejwe umutekano kuri ico kibazo hamwe n’ingingo zafashwe n’inama ya bose ya ONU ku mahoro muri ako karere arivyo bizogarukana amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG