Uko wahagera

Amnesty Isaba Uganda Gufungura Imbuga Ngurukana Bumenyi


Perezida wa Uganda Yoweri Museveni

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Amnesty International risaba abategetsi ba Uganda guhagarika ingingo bafashe yo kwima abanyagihugu uburenganzira bwo gukoresha imbuga ngurukana bumenyi za Socio Media. Iyi ngingo yafashwe imbere y’amatora ategekanyijwe kuri uyu wa kane.

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni yatangaje ku musi wa kabiri ko reta ihagaritse imbuga ngurukana bumenyi zo guhanahana amakuru. Vyabaye inyuma y’aho kw’italiki 9 z’uku kwezi kwa mbere ishirahamwe Facebook rifutiye Konte ziharurwa mu macumi z’abari ku ruhande rwa reta, ryavuze ko zitari uz’ukuri. Perezida Museveni yaciye avuga ko ingingo ya Facebook ari ubwibone.

Icegera c’umuyobozi wa Amnesty International mu karere ko mw’ihembe hamwe n’ubuseruko bwa Afrika, Sarah Jackson, yavuze ko bibabaje kubona abategetsi ba Uganda bahagarika imbuga zo guhanahana amakuru za Twitter, Facebook na WhatsApp. Jackson abibona nko kwima abanyagihugu ubwigenge bwo gushikiriza ico bagona no kuronka amakuru.

Amnesty yavuze ko ibi bigamije gucecekesha abamenyeshamakuru, indorerezi z’amatora hamwe n’abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abaganda baraja mu biro vy’amatora kuri uyu wa kane guhitamwo perezida agiye kuzokurikira abarongora. Umuririmvyi akongera akaba umunyepolitike, Bobi Wine ni we ahabwa igihagararo mubakandida 11 bahanganye na Perezida Museveni, ari ku butegetsi bw’igihugu kuva mu 1986.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG