Uko wahagera

Abashikiranganji Babiri ba Reta Bishwe na COVID-19 muri Malawi


Perezida wa Malawi, Lazarus Chakwera i Lilongwe, Malawi, isanamu yafashwe kw'italiki 28/06/2020.
Perezida wa Malawi, Lazarus Chakwera i Lilongwe, Malawi, isanamu yafashwe kw'italiki 28/06/2020.

Muri Malawi, abashikiranganji babiri bo muri reta ya Perezida Lazarus Chakwera bitavye Imana kuri uyu wa kabiri bahitanywe n’umugera wa COVID-19. Ico gihugu co mu bumanuko b’Afrika kiriko kirarwana n’irwirirana ry’abandura.

Mu butumwa yashikirije kuri Televiziyo, Perezida yasavye abanyagihugu biwe gukurikiza ingingo zo kwikingira. Yategetse kandi ko amabendera y’igihugu amanurwa gushika hagati, aca asaba imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu.

Abashikirangani bapfuye ni Lingison Belekanyama yari uw’intwaro yo hagati, mu gihe Muhammad Sidik Mia yari uwo gutwara abantu n’ibintu.

Urupfu rwabo ruje mu gihe Malawi iri mu bihe abandura n’abicwa na COVID-19 biyongera.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu bivuga ko hafi ica kabiri c’abashikiranganji 32 banduye COVID-19. Ariko abategetsi ba reta ntibemeranya n’ivyo bitigiri.

Perezida Chakwera asaba igiporisi gukaza imikwabu yo kwubahiriza ingingo reta yashinze zo kurwanya uwo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG