Uko wahagera

Malawi: Perezida Arisonzesha Iminsi 21 Ngo Imana Irangize Covid-19


Umugore hamwe n'umwana wiwe bambaye udupfukamunwa two kwikingira COVID-19, mu kazu k'ukudandarizamwo i Lilongwe muri Malawi. Isanamu yafashwe kw'italiki 18/05/2020.
Umugore hamwe n'umwana wiwe bambaye udupfukamunwa two kwikingira COVID-19, mu kazu k'ukudandarizamwo i Lilongwe muri Malawi. Isanamu yafashwe kw'italiki 18/05/2020.

Perezida wa Malawi, Lazarus Chakwera avuga ko ababajwe n’uko ibitigiri vy’abandura Covid-19 vyiyongereye mu gihugu. Mw’ijambo yashikirije kuri uyu w’Imana, yatangaje ko atanguje iminsi 21 yisonzesha kugira arondere ubufasha buvuye ku Mana mu guhagarika ikwirakwira ryawo. Abahinga muvyo amagara y’abantu bavuga uko ibintu vyifashe hakenewe ibirenze amasengesho.

Malawi iheruka kuronka ibitigiri vyiyongereye vy’abanduye umugera wa Corona. Mu mpera z’iyi ndwi, caronse ibitigiri kitari bwigere kironka.

Ku musi wa gatandatu Malawi yaronse abantu 381 banduye, na 12 wahitanye, igitigiri ca mbere kinini ku musi umwe kuva uwo mugera utanguye gufata abantu batatu m’ukwezi kwa kane italiki 2.

Perezida Chakwera yavuze ko uwo mugera wiyongereye kuko abantu benshi, barimwo nawe badohotse ku mabwirizwa yo kwirinda.

Perezida Chakwera yamye yidogerwa akatari gake ko atubahiriza ingingo zo kwirinda mu bihe vy’amakoraniro. Kuri uyu w’Imana yategetse abashikiranganji bajejwe intwaro mu gihugu hamwe n’uwo amagara y’abantu gukomeza amategeko yo kurwanya ikwirakwira rya COVID-19 ata kurindira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG