Uko wahagera

Malawi: Perezida Aragabisha Abagabo Batubahiriza Amabwirizwa ya COVID-19


Perezida wa Malawi Lazarus Chakwera yasavye abagabo bo mu gihugu ciwe gukurikiza ingingo zashizweho zo kurwanya ikwirakwira rya COVID-19.

Mw’ijambo ashikiriza abanyagihugu buri ndwi, ku musi wa gatandatu Chakwera yavuze ko ibiharuro bishikirizwa na reta vyerekana ko abagabo ari bo benshi bandura kuruta abagore. Perezida Chakwera yagiriza abagabo gufata minenerwe ingingo zashizweho kugira uwo mugera uhagarare kwandukira benshi.

Ibisata bijejwe amagara y’abantu muri Malawi vyerekana ko 64 kw’ijana y’abandura COVID-19 ari abagabo.

Perezida Chakwera yeteye akamo kadasanzwe ku bagabo muri Malawi abasaba gutangura kwubahiriza ingingo zirwanya COVID-19, mu kwambara udupfukamunwa, gukaraba amaboko n’isabune hamwe no kwirinda kwegerana mu bantu benshi.

Dorothy Ngoma, umuhinga muvy’amagara y’abantu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bikenewe ko hashirwaho ibihano birimwo gutoza amande ku birengagiza ayo mabwirizwa.

Kaminuza John Hopkins yo muri Amerika ivuga ko Malawi imaze kuronka abantu barenga 5500 bamaze kuwandura n’174 wahitanye.

Ni mu gihe kw’isi nzima abamaze kwandura bangana abarenga 25 079 300 n’abarenga 834 800 bamaze gupfa. Amerika iza imbere ku barenga 5, 982 690 banduye n’abarenga 182 700 bapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG